DR Congo yasabye Arsenal, PSG, na Buyern Munich guhagarika amasezerano bafitanye n’u Rwanda ya visit Rwanda

Igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo candikiye imigwi ya Arsenal FC, Paris Saint-Germain na FC Bayern Munich kiyisaba guhagarika amasezerano “ariko amaraso” yo kwamamaza bafitaniye na ‘Visit Rwanda’, inyuma y’aho ingabo z’ico gihugu ziri kumwe na M23 zigaruriye uturere two mu buseruko bwa Congo.

 

Umushikiranganji wa Congo ajejwe imigenderanire, Therese Kayikwamba Wagner yandikiye iyo migwi anebagura ayo masezerano yo kwamamaza mu gihe Urwanda ruri mu ntambara mu buseruko bwa Congo imaze gutuma abantu barenga 500.000 bata izabo muri uyu mwaka gusa.

 

Mw’ikete uwo mushikiranganji yarungikiye umugwi wa Arsenal, yavuze ko “ivyaha vy’Urwanda muri iyo ntambara “ni ntakekeranya” inyuma y’aho Onu ivugiye ko abasirikare b’ico gihugu 4000 bari muri Congo.

 

Uwo mushikiranganji yongeyeko:”Abantu ibihumbi n’ibihumbi bugaraniwe mu gisagara ca Goma aho batagira imfungurwa, amazi n’umutekano.

“Abantu batagira igitigiri barabuze ubuzima bwabo, barafatwa ku nguvu, baricwa ubusuma na bwo burongerekana. Imfashanyo yanyu ifise uruhara rutaziguye muri ako kaga.”

Iryo kete rirashimika cane ko amasezerano ya ‘Visit Rwanda’ ashobora kuba akura amahera mu mabuye y’agaciro y”amaraso’ yo mu bice vyigaruriwe muri Congo, imbere yo kujabukanwa urubibe, kugira agurishwe n’igihugu c’Urwanda.

 

Icegeranyo giheruka c’abahinga ba Onu casanze n’imiburiburi amatoni 150 ya Coltan ajanwa mu Rwanda rwihishwe akavangwa n’iyo muri ico gihugu mu ruhererekane rukomeye rw’ubutare bwanduye mu karere k’ibiyaga binini rumaze kuboneka gushika ubu.

 

Igihugu ca Congo kigereranya ko ubutare Urwanda rutwara ruciye imiriyaridi y’amadorari. Ayo mahera, haguteza imbere ubutunzi bwa Congo, Urwanda rukoresha ubwo busuma mu gutanga amahera menshi yo kwiyamamaza mu migwi y’umupira w’amaguru yo ku mugabane wa Buraya.

 

Inyuma y’aho umunyamabanga wa reta y’Ubwongereza ajejwe imigenderanire David Lammy agabishirije prezida Paul Kagame muri iyi ndwi ko ivyo ariko arakora bishobora gutuma hadatangwa imiriyaridi y’amadorari nk’imfashanyo ku Rwanda, iryo kete kandi rihamagarira iyo migwi kugira amatohoza yo kuraba nimba iyo mfashayo badaca bayikevya ikaja muri uko kwiyamamaza.

 

Muri iryo kete ryiwe, umushikiranganji w’imigenderanire yavuze adaciye ku ruhande ko Congo ishaka ko iyo migwi ihagarika ayo masezerano yo kwamamaza ‘ariko amaraso’ n’ico gihugu gitwaza igikenye. Bitabaye ku kuzirikana kwabo, iyo migwi nipfume ibikora kubwo abakorewe ivyaha n’Urwanda.

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *